Scroll to Top

Amadorari ibihumbi 200 niyo FFB yahawe kugira yitegurire inkino za CAN2019

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 09 Apr 2019 14:27 PM / /

Amahera angana n’amadorari y’abanyamerika ibihumbi amajana abiri 200.000$ niyo mahera CAF imaze guha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kugira ryitegurire neza inkino za CAN 2019 zigiye kubera muri Misiri.

Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 08 Ndamukiza umwaka wa 2019 , isaha icenda 15h00 kwihoteri Nonara Bar niho uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, Honorable Reveriyano Ndikuriyo yatanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyesha makuru kuvyerekeye ukungene bazokwitegurira inkino za CAN 2019.

Reveriyano yabanje ashimira abamenyeshamakuru na barundi Bose ukuntu bitanze kugira Uburundi bwitabire inkino za CAN 2019 ziziba muri Ruheshi muri Misiri.

Mu majambo makuru makuru yashikirije n’uko yemeje y’uko Ishirahamwe ritwara Umupira w’amaguru muri Africa CAF rimaze gutanga uburyo bwo kwitegurira ihiganwa rya CAN 2019 b’ungana na mafaranga ya madorari ya manyamerica angana n’ibihumbi amajana abiri 200.000$ naho ayomahera amaze gutangwa Hon. Reveriyano Ndikuriyo yashikirije y’uko ayo mahera ari make bivanye n’ibintu bisabwa ari vyinshi aho avuga amatike y’indege , amahoteri abakunyi bazoshikiramwo ndetse n’ibindi bishobora gukenerwa na kare bazotunganya inkino z’ikivandimwe imbere y’uko berekeza muri Misiri.

Mukamenya y’uko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ndamukiza umwaka wa 2019 , mu gihugu ca Misiri niho hategekanijwe gutora Imigwi izoba isangiye itsinda .

Categories : homepage kirundi promoted

Add Comment