Home abakinyi bakina hanze Justin Ndikumana yaraye atowe nk'umukinyi mwiza yaranze urukino rwabahuje na Ulinzi Fc

Justin Ndikumana yaraye atowe nk’umukinyi mwiza yaranze urukino rwabahuje na Ulinzi Fc

Umunyegori w’intamba mu rugamba Ndikumana Justin abandanya yitwara neza mw’ihiganwa ryo muri Kenya.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Ndamukiza umwaka wa 2019 ku kibuga ca Machakos, umugwi Sofa Paka wari wakiriye umugwi Ulinzi Fc mu rukino rw’indwi ya 22 y’ihiganwa ryo muri Kenya, urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye iyo migwi yompi inganije 0 Ku 0.

Naho iyo migwi yompi yanganije 0 ku 0, umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana yaraye atowe nk’umukinyi mwiza yaranze urwo rukino.

Rikaba rigira kabiri uyo munyegori w’intamba mu rugamba atorwa nk’umukinyi mwiza yaranze urukino.

Umugwi Sofapaka Fc asanzwe akinamwo ukaba uri mu kibanza ca 2 hamwe n’amanota 41 mu nkino 22 .

Facebook Comments

Most Popular

Bataravye neza, Sat-b ngo azosohora amashusho y’urukozasoni

  Sat-b ntahuza na bose Ku kibazo c'uburyo yari yambaye Muri Video aheruka gushira ahabona aho yabonetse asa n'uwurilo yinonora imitsi. Kuri iryo shusho ryabonetse igenekerezo...

Uguhinduka kwa Alvin Smith kwagarukanye igikundiro cinshi

Benshi mu bakurikirana ibikorwa vyiwe baremeza neza ko hari ihinduka mu bikorwa vy'Umuririmvyi Alvin Smith na cane cane ko bibonekera mu bikorwa...

Olga yavuze ryari azokorana indirimbo n’umunyarwanda

https://m.youtube.com/watch?v=2MxnoY3Wx2Y Aganira na Yambi, ikinyamakuru co mu gihugu kibanyi c'Urwanda, yahanuwe guhitamwo mu baririmvyi 2 b'abanyarwanda, King James na Bruce Melodie bari mu bariko barakora...

Abamubika akiri muzima ngo nibacire birarura

Kidum ngo abariko baramubika kandi akiri muzima, nibacire birarura kuko sibo bashinga umusi azovira kuri ino si. Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook yashize ahabona Video...

Facebook Comments