Scroll to Top

Arrependimento urukurikirane buca ruja ahabona rwa BEST LIFE MUSIC

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 11 Feb 2014 03:30 AM / /

Mu nyuma yo gukora akaririmbo n’umuririmvyikazi MISS ERICA, umugwi BEST LIFE MUSIC uriko ukora akaririmbo hamwe n’umuririmvyi BLACK G, bakaba bariko baregereza kwuzuza urukurikirane rwabo rwuzoba rwitwa Arrependimento.

Umugwi BEST LIFE MUSIC ugizwe n’imisore itanu hamwe n’inkumi, usanzwe ukorera indirimbo zabo hano mu gihugu c’uburundi neza na neza mu gisagara ca Bujumbura. Bakaba bamaze gushira ahabona indirimbo zitari nke ku giti cabo hamwe n’izindi bakoranye n’abaririmvyi bakomakomeye. Mu misi iheze uwo mugwi washoboye gukora indirimbo n’abaririmvyi batandukanye nka MATABARO bakaba bayise NEVER SLEEP,  na MISS ERICA iyitwa Don’t Stop, ubu naho hakaba haramukiwe umuririmvyi BLACK G ubu bariko bakorera kwa LISER indirimbo bise PARTY LOVE.

 

Twobamenyesha ko uwo mugwi umaze kwitabira ibiteramo bitandukanye aho hari n’ibiteramo haba hatumiwemwo abaririmvyimva makungu, Bakaba kandi bamaze gukora amasanamu y’indirimbo zitari nke zabo nyene harimwo iya nyuma ariyo DON’T STOP bakoreye muri Golden kwa KOOK-K bakayikorana na MISS NONO. Nayo izo ndirimbo zikaba ziriko zikorwa mu ntumbero yo gukwiza urukurikirane ruzoba rugizwe n’indirimbo zitaramenyekana neza ariko  rukazokwitwa Arrependimento

ehe amwe mu masanamu yaranze ifatwa ryayo masanamu.

BET

Betttt

bettt

 

 

126 total views, 0 views today

Categories : Burundi music

Add Comment