Scroll to Top

Mavugo Laudit yaraye afashije Napsa Star gutsinda Circuit Fc

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 15 Apr 2019 04:33 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi Mavugo Laudit abandanya yitwara neza mu gihugu ca Zambia.

Kuri uyu wa gatandatu uheze igenekerezo rya 13 Ndamukiza umwaka wa 2019, umugwi Napsa Star wari waramutse wakira umugwi Circuit Fc ku kibuga ca Embwela kiri i Lusaka ku murwa mukuru wa Zambia, urwo rukino rukaba rwarangiye Napsa Star itsinze Circuit Fc ibitsindo 2-0.

Ivyo bitsindo bibiri vyose bikaba vyaraye bitsinzwe n’umusatirizi w’intamba mu rugamba Mavugo Laudit .

Mu nkino 12 amaze gukina amaze gutsinda ibitsindo 7 akaba afata ikibanza ca kabiri mu bafise ibitsindo vyinshi mu gihe uwufata ikibanza ca mbere afise ibitsindo 8.

Add Comment