Scroll to Top

Djamal Seif niwe yasubiriye Benjamin mu gutwara Vital’o Fc

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 15 Apr 2019 14:39 PM / /

Uwahoze atwara umugwi Vital’o Fc mu myaka itandatu iheze niwe yasubiye gutorwa kugira asubirire uwahora atwara uyo mugwi biciye mu mategeko Bikorimana Benjamin.

Kuri uyu w’imana waraye uheze igenekerezo rya 14 Ndamukiza umwaka wa 2019, ahitwa kuri Muse Vivant niho haraye habaye inama rukokoma yahuje abakinyi, Abakunzi b’uyo mugwi ndetse n’abigeze kurongora uyo Mugwi wa Vital’o mu myaka itandatu iheze kugira barabe y’uko bakwubaka uyo mugwi gushasha bavuga y’uko wari ugeze aho umwansi ashaka.

Muri iyo nama hakaba harafashwe ingingo yo gutora indongozi nshasha zosubirira uwahoze arongoye uyo mugwi Bikorimana Benjamin .

Impamvu yo gutunganya iyo nama yogutora indongozi nshasha, n’ingorane zagiye ziravugwa kuri uyo mugwi Vital’o Fc y’uko wipfuza gutandukanya n’uwuwutwara mu ariwe Bikorimana Benjamin atashaka gukorana na bandi .

Indongozi zo mu myaka 6 za Vital’o nizo zisubiye gutwara uyo mugwi zirongowe na kizigenza wabo Djamal Seifu , icegera ciwe akaba ari Evariste Mukarinda , uwozoba abika amahera ariwe ( Tresorier) nawe akaba ari Manirambona Omar mugihe umunyamabanga mukuru w’uyo mugwi akaba ari uwitwa Gahungu Remy , izindi ndongozi nshasha zikaba zigiye gutorwa mu misi iri mbere kugira comite ikwire neza.

Izo ndongozi nshasha ntizasivye gushimira Benjamin Bikorimana k’ukuntu yarongoye uyo mugwi mu bihe bitoroshe ndetse aranatwara n’ibikombe bitari bike. bakaba bamwemereye y’uko bazomushimira igihe azoba ariko abashikiriza uyo mugwi.

Djamal seifu nabo bakorana bakaba baremeye kugura abandi bakinyi bakoma komeye bari Ku rwerwo rwiza, no gukura umugwi muri ubu bukene urimwo kuburyo abakinyi batahembwa umushahara wabo canke ngo baronke amahera yo kubunguruza mu kuja mu myimenyerezo.

Mukameya y’uko muri iyo nama yari yitabiriwe n’abakinyi bakomakomeye bakiniye uyo mugwi kera aribo Saido Ntibazonkiza, Mbuyi jamarie hamwe na Djuma Mossi nabo nyene bakaba barashikirije ijambo bavuga y’uko hakwiye kuba impinduka zotuma uyo mugwi usubira kuba umugwi ukomeye w’ubatse izina mu gihugu no hagati mu gihugu ndetse no hanze y’igihugu bivanye n’ingene ari umugwi wonyene mu Burundi umaze kuzana igikombe ca CECAFA Kagame Cup 2013.

Kw’ijambo Djuma Mossi yashikirije akaba yavuze y’uko Vital’o ari umugwi mwiza kandi abantu barabizi ngo wewe imbere y’uko awukinamwo yabanje kuba umukunzi w’uyo mugwi kuko ico gihe wari ufise abakinyi beza bafise ubuhinga bwinshi , kuriwe rero igihe yariko akinana nabo vyari ivyagaciro gakomeye . uyo uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka 20 iheze yarangije asaba y’uko hoba urukundo hose yaba mu bakinyi, mu barongozi bashasha na bandi Bose kuko biramutse bigorana ntihazobura aboba bakunda uyo mugwi bowufasha vyinshi.

Kiza fataki nawe kizigenza wa Vital’o Fc yashikirije ijambo ryo gushimira bimwe bivuye kumutima umumenyereza wabo Kanyenkore Gilbert Yaoundé k’ukuntu yabaye umuvyeyi gusumba umumenyereza Ku bibazo vyose bagiye barahura navyo , aho yashikirije y’uko muri iri higanwa ry’uyu mwaka bahembwe ukwezi kumwe gusa ariko Yaoundé ntiyasiba kubatera intege no kubahumuriza mu kubabwira y’uko bategerezwa kuraba akazoza kabo bagakina kandi bakanatsinda.

Mukamenya y’uko Djamal Seifu niwe murongozi wenyene yigeze gutwara Vital’o Fc yatwaye igikombe c’ihiganwa ryo mu mwaka wa 2012 ndetse n’ igikombe ca CECAFA Kagame Cup c’umwaka wa 2013 cabereye muri Sudani.

Add Comment