;
Scroll to Top

Umurwi uzotunganya amatora y’abashaka kwitoza kurongora ishirahamwe ry’abarundi bose baba muri Amerika ngo uriteguye bihagije

By admin / Published on Friday, 17 May 2019 06:48 AM / No Comments / 549 views

.

Ibikorwa rero vy’ugushiraho ishirahamwe rizoba rihuriyemwo abarundi bose baba muri Amerika (Disapora) birabandanya. Samuel NDAYIRAGIJE asanzwe ariwe aza kw’isonga ry’abariko baritanga amenyesha ko gushika ubu ibijanye n’ukwitegurira amatora agiye kuzoba vyose vyatunganye, ari nako kugirako amenyesha mbere ko umurwi w’abantu bajejwe kuzotunganya amatora wamaze kujaho, nawo ukaba urongowe n’uwitwa BAGENZINIKINDI Pasteur , hamwe n’abandi bane barikumwe abo nabo akaba ari :

  • Eli SINZINKAYO
  • Lena NZOBIGEZA
  • Jean Pierre GATERA hamwe na
  • Cecile NSHIMIYIMANA.

Abo rero bose uko ari batanu bakaba bava mu ma Leta anyuranye ya Leta zunze ubumwe za Amerika ari zo: ARIZONA, SOUTH DAKOTA, OHIO na MINNEZOTA .

Umushingantahe BAGENZINIKINDI arongoye uwo murwi rero amenyesha ko biteguye neza , kandi ko bizeye ko amatora azogenda neza, ibikenewe vyose bikaba biriko biratunganywa nko kubijanye n’uburyo bw’uko amatora azoba ku buryo ngurukanabumenyi( Internet) eka n’ibindi vyose nk’uko vyategekanijwe.

Ku kibazo kijanye n’uko ikirangamisi kizokwubahirizwa uko giteguye, Samuel NDAYIRAGIJE amenyesha ko gushika ubu ata nzitizi igaragara yokwerekana ko bitazoba hari ikizohava gihinduka bigaragara y’uko hari tuno na turiya tutaraja mu buryo nk’uko vyari bitegekanijwe na nya kirangamisi.