Scroll to Top

Saido Berahino yisiguye ku bihano yaraye afatiwe mu Bwongereza

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 17 May 2019 05:09 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Saido Berahino ntiyakira neza ingingo yaraye afatiwe na sentare yo mu Bwongereza.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 16 Rusama umwaka wa 2019, niho sentare yo mu Bwongereza yafatira ingingo umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Saido Berahino yo kutagendesha imodoka mu kiringo kingana n’amezi 30 ndetse ahanishwa n’ihadabu ry’amapawundi 75000 mu marundi angana n’imiriyoni 250.

Saido Berahino abicishije kuri page Twitter yiwe yisiguye kuri ivyo bihano yaraye afatiwe akavuga y’uko yatewe n’abantu bari bitwaje imbugita kandi n’igiporisi ko cabibonye ndetse kiranafata amasanamu yakomeretse ndetse n’umupira wiwe wari watabutse akaba yaranakomeretse.

Berahino abndanya avuga y’uko igihe yaterwa n’abo bagizi ba nabi imboneshakure ziri mw’ibarabara ko zabifashe n’igihe bariko baraburana amasanamu ngo yarabonetse n’abamenyeshamakuru bari bahari barabibonye ari naco gituma ngo adatahura impamvu abacamanza batashoboye gukorera kuri ivyo vyemezo vyose bigaragara.

Saido Berahino akaba yitezwe i Bujumbura mu ndwi iza mu ntumbero yo kwitegurira inkino za CAN2019 zigiye kubera muri Egiputa mu kwezi kwa Ruheshi.

Add Comment