Scroll to Top

Al Adalah ya Ndikumana Seleman yaduze mu cicaro ca mbere

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 22 May 2019 08:56 AM / /

Umugwi Al Adalah wo mu cicaro ca kabiri ukinamwo Kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Seleman waduze mu cicaro ca mbere.

Ukaba warangije ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri uri mu kibanza ca 3 n’amanota 63 mu nkino 38 , ukaba waratsinze inkino 18 unganya inkino 9 utsindwa inkino 11.

Ndikumana Seleman yashitse muri uyo mugwi mu kwezi kwa Nzero. Igihe yashika, uyo mugwi wari mu kibanza ca 6 muri iryo ihiganwa ryo mu cicaro cakabiri .

Ndikumana Seleman akaba yitezwe I Bujumbura mu misi iri mbere co kimwe n’abandi bakinyi b’intamba mu rugamba bazoba baje mu ntumbero yo kwitegurira inkino za CAN 2019 zizobera muri Egiputa mu kwezi kuza kwa Ruheshi.

Add Comment