Scroll to Top

Intamba Day : Imyiteguro mu ntamba irabandanya

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 23 May 2019 08:26 AM / /

Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba uza wamaze gutangura imyiteguro yo kwitegurira inkino za CAN 2019 hamwe na zimwe mu nkino za kivandimwe.

Kuri uyu wa wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 23 Rusama umwaka wa 2019, isaha icenda 15h ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore niho umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yatanguza icese imyimenyerezo yo kwitegurira inkino za kivandimwe hamwe n’ihiganwa rya CAN 2019 zigiye kubera muri Egiputa

Abakinyi 10 gusa nibo bari bashitse muri iyo myimenyerezo mugihe abandi bitezwe gushika i Bujumbura muri iyi misi iri mbere.

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Rusama umwaka wa 2019, imyimenyerezo yabandanije ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha icenda 15h00. Hakaba hiyongeyeko abakinyi babiri mu bari bagize imyimenyerezo ku musi w’ejo abo nabo akaba ari Nsabiyumva Fréderic hamwe na Saido Berahino.

Gushika igenekerezo rya 29 Rusama umwaka wa 2019 abakinyi bose bazoba bashitse i Bujumbura bace bakina urukino rwa kivandimwe “Intamba Day” ruzobahuza n’umugwi Aigle Noir uzoserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF Champions.

Uwo rukino ruzohuza intamba mu rugamba na Aigle Noir bise Intamba Day ruzoba kuwa 31 Rusama umwaka wa 2019 isaha icenda ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore hama igenekerezo rya 02 Ruheshi umwaka wa 2019, abakinyi b’intamba mu rugamba bazoca bafata rutema ikirere berekeza i Doha muri Qatar gukorerayo imyimenyerezo naho bakazokina urukino rwa kivandimwe n’umugwi nserukira gihugu wa Algeria.

Abakinyi bakoze imyimenyerezo yo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Rusama umwaka wa 2019 akaba ari:

1) Rukundo Onesime
2) Youssuf Nyange
3) Rashid Leon
4) Ngando Omar
6) Bembo Joel
7) Valentin
8) Gael Duhayindavyi
9) Cédric Amissi
10) Saido Berahino
11) Nsabiyumva Fréderic
12 Nduwarugira Christophe Lucio

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment