Scroll to Top

Intamba day : Natasha nawe agiye guteramisha abakunzi b’umupira

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 29 May 2019 03:17 AM / /

Umuririmvyikazi Natasha yahambije abandi mu kwemera kuza guteramisha abantu bazoba bitavye urukino rwiswe Intamba Day ruzohuza Intamba mu rugamba na Aigle Noir.

Hampande ya Natasha hari abandi baririmvyi bandi bamaze kwemera guteramisha abantu bazoba bahishikiye uyo musi wahariwe intamba day nka Vichu Love, Troupe Amagaba hamwe na MB Data.

Ibirori bikazotangura kuva isaha 11h zo mugitondo hama isaha icenda 15h00, urwo rukino ruzoba rutanguye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Ibiciro vyo kwinjira bimeze gutya :

– Ku mpande z’ikibuga: 5000Fbu

-ubwugamo A na D: 2000Fbu

-VIP: 50000Fbu

-VVIP: 500.000Fbu

Categories : homepage kirundi
Tagged as:

Add Comment