Home homepage Friendly game : Intamba mu rugamba zaraye zinganije na Algerie

Friendly game : Intamba mu rugamba zaraye zinganije na Algerie

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba waraye unganije n’umugwi nserukira gihugu wa Algeria igitsindo 1 kuri 1.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 11 Ruheshi umwaka 2019 isaha zibiri z’ijoro mu masaha ya hano iwacu niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wakina urukino rwa kivandimwe n’umugwi nserukira gihugu wa Algeria i Doha muri Qatar, urwo rukino rukaba rwarangiye imigwi yompi inganije igitsindo 1-1.

Umugwi wa Algeria niwo watanguye kuronka igitsindo cinjijwe na Bouunedjah ku munota wa 69 mugihe ic’intamba mu rugamba cinjiye ku munota wa 75 ku mupira Cédric Amissi yateye uca kuwitwa M’Bolhi igitsindo kiba cinjiye imigwi yompi ica irangiza urukino inganije igitsindo 1-1.

Mukamenya y’uko intamba mu rugamba zaraye zifashe urugendo zerekeza mu gihugu ca Tunisia aho bafise urundi rukino rwa kivandimwe n’umugwi wa Tunisia ku musi w’Imana igenekerezo rya 16 Ruheshi umwaka wa 2019.

Facebook Comments

Most Popular

Ibara rishobora kurwa hagati ya Mutima n’infura yiwe

Kuba bugabo bwigaba,agakengere, kutubaha abavyeyi ndetse no guhangamaso ivyo abavyeyi babiriye akuya ni bimwe bituma  imisore yo muri ino myaka itava kuziko ngo ije...

Abaririmvyi ngo nibakumbure bemere gufadikanya n’aba DJ

Abagize umugwi Runtown Dj bavuga ko guta umwikomo kuba Dj ngo ntibavuza umuziki ndundi, atariwo muti, ahubwo umuti ngo n’ugushira hamwe inguvu kugira ejo...

FFB : Ingingo twafashe iracari irya nyene

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Rusama 2020, niho twabona ikete rya bamwe mu barongoye imigwi yakirira inkino ku kibuga c'intwari bari bagiye...

Derby ya Inter Star na Vital’o iza nkiyamaze guta akanovera

Mugihe ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB ryamaze gufata ingingo yo kwemerera abakunzi b'imigwi iyariyo yose ikinira ku kibuga c'intwari kuzohora ijana  abarorerezi 50...

Facebook Comments