Home homepage Intamba mu rugamba zaraye zishitse neza muri Tunisia

Intamba mu rugamba zaraye zishitse neza muri Tunisia

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba waraye ushitse neza mu gihugu ca Tunisia.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Ruheshi isaha indwi z’Umurango 13h00 niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba washika mu gihugu ca Tunisia aho ku musi wa mbere igenekerezo rya 17 Ruheshi ufise urukino rwa kivandimwe n’umugwi nserukira gihugu wa Tunisia ( Les aigles du Cartage) .

Ku makuru twakuye ku baherekeje umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba n’uko uyo mugwi washikiye mw’ihoteri nzinza cane yitwa El Mouradi Gammarth .

Intamba mu rugamba zikaramuka zikinye urwo rukino rwa kivandimwe na Tunisia zizoba zikwije inkino zitatu za kivandimwe zikinye.

Urukino rwa mbere zikaba zaratsinze Aigle Noir ibitsindo 2-1, urwakabiri zinganya na Algeria igitsindo 1-1 .

Umugwi wa Tunisia nawo bazotana mu mitwe ku musi wambere ntiworoshe kuko mu rukino rwa kivandimwe wakinye na Croatie watsinze Croatie ibitsindo 2-1.

Mukamenya y’uko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi isaha icumi 16h00 niho intamba mu rugamba ziza gukora imyimenyerezo yazo ya mbere

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports| Igihe urukino rwa Finale rw’igikombe c’umukuru w’igihugu ruzoberako

Mu gihe benshi bibaza ryari urukino rwa Finale rw'igikombe c'umukuru w'igihugu ruzoberako , kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 03 Mukakaro 2020, niho mw'ishirahamwe...

Ku barundi baba muri Canada ngo n’umunezero ugeretse Ku wundi

Ku barundi babarizwa muri Canada ngo aba ari n'umunezero utagira uko ungana igenekerezo rya 1 mukakaro. Uwo munezero abo barundi ngo bawugira kuko iryo genekerezo...

Imideri nkahamwe yokwitabwaho, irafise akamaro kanini mw’iterambere ry’Igihugu.

Mu kiganiro Imideri Times kigiye kuza kiraca kuri Indundi Tv, hagiye kuza haritabwaho cane Imideri ndetse n'abanyamideri. Mu kiganiro twakoranye na Aisha KWIZERA abenshi bazi...

# Indundi Sports | Espoir Fc yaguze umukinyi yigeze gukinira LLBS4A

Umugwi Espoir Fc ukina mu cicaro ca mbere waguze Irakoze Dieudonné, akaba yashize umukono Ku masezerano yo gukinira uwo mu gwi wo mu cicaro...

Facebook Comments