Scroll to Top

Umukuru w’igihugu yagenye abayobozi bakuru mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati

By Rédaction / Published on Tuesday, 09 Jul 2019 09:51 AM / /

Abayobozi bakuru hamwe n’abayobozi mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’inyigisho zo gukindisha igihugu bagenwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu.

Itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/104 ryo kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro 2019 rivuga ko Salvator Nizigiyimana agenwe kuba umuyobozi mukuru w’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mu gihe Thérence Mbonabuca nawe yagenwe n’iryo tegeko nyene kuba umuyobozi mukuru ajejwe inyigisho zo gukundisha igihugu.

Abandi bayobozi bakuru bagenwe n’iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu ni Nestor Bimenyimana ajejwe guhungura ,Evrard Ndayikeje ajejwe iterambere ryo hagati mu gihugu, Annociate Mpfukamensabe ajejwe ubutunzi bw’amakomine, Christophe Nyabenda ajejwe ivy’intwaro, amategeko ni vya poritike hamwe n’abandi.

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment