Scroll to Top

Ndikumana Seleman yavuze impamvu yatumye akurwa mu ntamba mu rugamba

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 10 Jul 2019 06:27 AM / /

Mu gihe abantu baguma bibaza impamvu yoba yatumye uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Seleman yirukanwa mu mugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba mu gihe hari hasigaye imisi ibiri gusa kugira intamba zitane mu mitwe na Nigeria mu mahiganwa ya CAN yariko abera muri Egiputa kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 09 Mukakaro umwaka wa 2019 niho uyo mukinyi yashira ahabona ikintu coba catumye yirukanwa mu mugwi w’intamba mu rugamba.

Aganira na bagenzi bacu b’abamenyeshamakuru bo mu Rwanda Ndikumana Seleman yavuze y’uko icatumye umumenyereza w’intamba mu rugamba amukura ku rutonde rw’abakinyi b’intamba mu rugamba bariko baritegurira urukino rwa CAN rwari gushaka kubahuza na Nigeria kuwa 23 Ruheshi umwaka wa 2019.

Impamvu si iyindi ngo n’uko atari mu migambi y’umumenyereza nk’uko uyo mukinyi wenyene yavyivugiye.

Akaba yagize ati ” sinovuga cane ukuntu vyagenze ariko ico novuga nuko umutoza yankuyemwo kuko ata migambi yari afise yo kunkinisha nanje naciye ndayakira uko nyene ndubahiriza ingingo yiwe”.

Inyuma yo gutanga insiguro idafashe umenga yacanze abantu umumenyeshamakuru yasubiye kandi amubaza ati : “Hari abantu vyacanze bakeneye kumenya ukuri”, Uyo mukinyi akaba yaravuze y’uko Umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ariwe azi ukuri kuko wewe yabonye gusa bamukuramwo ku rutonde.

Akaba yagize ati : “Umumenyereza w’intamba mu rugamba niwe azi ukuri jewe nabonye gusa bankuramwo ku rutonde rero n’ibintu bisanzwe no mu mugwi nserukiragihugu w’ubufaransa hariho abakinyi benshi badakina kandi ari abakinyi bakomeye nka Benzema rero nakiriye uko nyene ingingo y’umumenyereza kandi ndi umukinyi ndabifitiyemwo ubumenyi aho naciye hose ni ibintu bisanzwe umumenyereza afashe ingingo umukinyi arayikurikiza”.

Yasubiye kandi abazwa ukuntu umubano wiwe wifashe n’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Oliver Niyungeko akaba yavuze ati ” urya n’umumenyereza wanje kandi twari tumaranye imisi novuga nk’imyaka 9 canke 10 dukorana vyarashitse arafata ingingo yiwe nanje ndayikurikiza. Ego vyarambabaje kuko kuva aho natanguriye gukina intumbero yanje yari kugira uko nshoboye kugira nkine CAN vyarambabaje ariko mu mupira w’amaguru n’uko bigenda umumenyereza afashe ingingo uyakira uko nyene”.

Abajijwe y’uko iyo bamugirira icizere bagasubira kandi kumuhamagara mu ntamba mu rugamba Ndikumana Seleman yavuze y’uko atakibuza ashobora kwitabira ubwo butumire.

Mukamenya y’uko Ndikumana Seleman igihe yirukanwa mu ntamba mu rugamba yaciye aza i Bujumbura mu nyuma yerekeza mu gihugu ca Tanzania aho yaciye ashira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Azam FC ikiringo c’umwaka.

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment