Scroll to Top

Umusore akiri muto Mussa Prince agiye gushira ahabona ireresi yise “Ubutware”

By Rédaction / Published on Sunday, 21 Jul 2019 04:37 AM / /

Mussa Prince ni umusore akiri muto afise impano idasanzwe ijanye no kwandika hamwe no gukina amareresi.

Mu bakinyi b’amareresi mu Burundi, Mussa Prince niwe akiri muto kandi ariko aravyitwaramwo neza mu gukina amareresi. Akunze gukina mu rurimi kavukire rw’ikirundi mu misi iri imbere akaba agiye gushira ku mugaragaro ireresi itazoza yoroshe yise “Ubutware”.

Aganira na indundi, Mussa Prince yamenyesheje ko naho atako adakora mu kwitanga ngo arabe ko umwuga wiwe wo gukina amareresi womuteza imbere, ngo akunze guhura n’ingorane nyinshi mu mwuga wiwe nk’uko bikunze gushikira n’abandi bakinyi.

Zimwe muri izo ngorane akaba ari ukubura abamufata mu mugongo. Kuva mu ntango y’ireresi (kwiyumvira, kwandika, kurondera abazomufasha gukina. gukota ibibanza vyo gukiniramwo, gukota ibikoresho bifata amasanamu n’ababikoresha n’ibindi), ntawundi muntu n’umwe abimufasha atari we nyene ubwiwe.

Ikimubabaza rero ngo n’uko abona n’uburyo aba yashize mw’ireresi mu gihe amaze kuyisohora adaheza ngo bawisubize bivanye n’uko usanga abarundi badakunda ivy’iwabo ndetse hakabamwo n’abaca barwiza ama DVD yiwe bakaja kuyagurisha atavyo azi.

Add Comment