Scroll to Top

#indundi magazine| Best Life bashigikirana n’inyuma y’umuziki

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 25 Jan 2015 09:24 AM / /

Best-Life-Music-Burundi

 

Mu nyuma yaho umurwi Best Life bamenyeshereje ko batowe ngo baserukire Uburundi muri Kora Awards, bahavuye bashira ahabona indirimbo nshasha mbere banashira ahabona amashusho yerekana abo baribo igice cayo ca mbere.

Muri ico gikorwa bariko bafashwamwo n’umuhinyanyuzi Kent-p kuko ariwe abakorera amasanamu(photos) akanabakorera amashusho y’indirimbo zabo(clip Video) bahavuye banamenyesha ko amshusho y’imwe mu ndirimbo zabo buca aja ahabona kandi akaba ari amashusho atadasa n’ayandi kuko bafise utuntu twabo gusa.

Hampande y’ivyo bijanye n’umuziki, abo baririmvyi ntibahengeshanya gushigikirana mu buzima busanzwe, aho baheruka gushigikira mugenzi wabo Danny aho yararamutse ahimbazanya hamwe n’umukunzi wiwe isabukuru y’amavuko y’uwo mukunzi wiwe. Hakaba hari hatumiwe abantu batandukanye harimwo n’abamenyeshamakuru.

More Information : www.thebestlifemusic.com

Amafoto yaranze urwo rubanza

133 total views, 0 views today

Categories : Burundi music

Add Comment