Scroll to Top

Abanyororo 4 baraye bakomerekeye mw’ibohero rikuru ry’i Gitega

By Rédaction / Published on Monday, 29 Jul 2019 07:45 AM / /

Abanyororo bane bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Gitega baraye bakomerekejwe n’abanyororo bagenzi babo mu kajagari kadutse muri iryo bohero hagati y’imigwi ibiri.

Nk’uko tubishikirizwa n’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza mu gihe c’isibe abo bantu bane baraye bakomeretse ni Jean Laitu Irakoze, Cubwa Ladislas, Nzeyimana Claude hamwe na Irakoze Jean Bosco. Abo bantu bane bakaba bakomeretse hakoresheje imbugita inyuma yaho uwo murwi uteje umutekano muke muri iryo bohero.

Abanyororo bakomerekeje bagenzi babo ni Bigirimana Jean De Dieu, Nzeyimana Jean Claude,Bayubahe Willy, Ndabahinyuye Pablo, Niyonzima Jena Pierre, Nkurunziza Elvis hamwe na Ndayisaba Révérien.

Abo banyororo bateje umutekano muke muri iryo bohero rya Gitega bakongera bagakomeretsa bagenzi babo bose baciye bashirwa hamwe kugira bahanwe.

Categories : homepage kirundi security

Add Comment