Scroll to Top

Saido Berahino yashize umukono Ku masezerano yo gukinira Zulte Waregem

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 09 Aug 2019 11:04 AM / /

 

Iryavuzwe riratashe Saido Berahino agiye gukunira umugwi Zulte Waregem wo mu bubirigi.

 

Kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino yashize umukono Ku masezerano y’imyaka ibiri yo gukinira Zulte Waregem wo mu cicaro cambere mu Bubirigi .

 

 

 

Ivyo bibaye  inyuma yaho uwo  mukinyi avavanuye  icese na Stock City wo mu cicaro ca kabiri mu bwongereza ndetse ikanamuriha Imiriyoni 2 n’igice z’ama pound .

Saido Berahino akaba yahawe umwambaro uriko  inimero 38 ndetse akaba anarekuriwe gukina urukino rwo kuri uyu wa gantandatu igenekerezo rya 10 Myangadaro uwu mwaka wa 2019  mu rukino  bazotana mu mitwe na KRC Genk .

 

Umugwi Zulte Waregem mu nkino zibiri umaze gukina z’ihiganwa ryo mu Bubirigi umaze kuzitsindwa zose .

Add Comment