Scroll to Top

Nizigiyimana Karim yahagaritse gukinira intamba mu rugamba

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 13 Aug 2019 02:08 AM / /

Uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka iheze amenyesha ko yahagaritse gukinira intamba mu rugamba.

Karim Nizigiyimana aganira na Indundi Sports yabanje gushimira abarundi bose kuko ataco batakoze mu kumuba hafi mu myaka yose yakiniye umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba naho yoba yarafashe icemezo gikomeye ariko ngo kuriwe hari hageze ko ahagarika gukina intamba mu rugamba.

Akaba yagize ati : “Mbanje gushimira abarundi bose ataco batakoze mukumba hafi mu myaka yose nakiniye umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba, ariko hari hageze ko mfata umwanya wo gushima cane kandi bivuye kumutima, nicemezo gikomeye ariko nyene ni ngombwa kuko ntushobora gukina mu ntamba imyaka yose. Harageze ko mpagarika  abandi nabo bakabandaniriza aho nari ngejeje ivyo nari mfitiye ubushobozi vyo gukorera igihugu canje narabikoze nkansubira kandi gushimira abamenyereza bagiye baramfasha n’abakinyi twakinaye. Kuva kera naguma nsaba Imana ko yomfasha nkakina igikombe ca Afrika kandi vyarakunze Imana yarampaye inyishu n’ibintu ntazopfa nibagiye kuko ni amateka akomeye nagezeko ubu rero ndashimira Imana cane bivuye ku mutima nsaba abakinyi bagenzibanje y’uko bobandanya gushiramwo inguvu nabo bakabandaniriza aho nari ngejeje nkaba mboneyeko n’akaryo ko kubipfuriza kuzovyitwaramwo neza mu rukino ruzobahuza na Tanzania niyemeje y’uko nzoguma hafi y’intamba mu rugamba ntanga n’ivyiyumviro”.

Karim Nizigiyimana akaba yatanguye gukina mu ntamba mu rugamba kuva mu mwaka wa 2006 muri kino gihe akaba afise imyaka 30.

Akaba yarangije neza cane ahaye iteka Intamba mu rugamba mukuzishikana mu mahiganwa ya AFCON2019 yabereye mu Musiri.

Yarakiniye umugwi wa Hhano iwacu Vital’o Fc, akina mu Rwanda mu mugwi Apr Fc hamwe na Kiyovu tutibagiye na Rayon Sports. Mu Buganda yakiniye umugwi wa Vipers Fc, muri Kenya akina mu mugwi Gor Mahia hamwe na Wazito Fc asanzwe akinamwo muri kino gihe.

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment