Home Burundi John Kay ngo ashobora gusubirira Steven Kanumba

John Kay ngo ashobora gusubirira Steven Kanumba

Yahisemwo kugera ikirenge muca Steven Kanumba mu gutegura yitonze ireresi, ngo bikunde ize imeze neza.

Kuva umuhisi Steven Kanumba yitavye Imana, ngo nta reresi ryiza ryasubiriye kuboneka, ari naco gituma isoko ry’amareresi muri kano karere ryasubiye hasi. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na John Kay.

Mu kiganiro yagiranye na Fanny, uwo mwanditsi bakaba n’umukinyi w’amareresi, yavuze ko ico arico catumye ashima kwitonda ngo bakore ireresi ryiza, COPS Enemy. Iryo reresi rikaba ryakozwe imyaka 3.

Iryo reresi ngo ryatwaye afaranga atari make, mu mezi aheze hamenyekanye ko yoba yatwaye imiliyoni 150 z’ama Tanzania. Akaba ashimira abarundi batandukanye bari muri Australia bamufashije bashiramwo amafaranga yabo.

Iryo reresi bikaba vyaranavuzwe ko hoba hariko haba ibiganiro hagati y’abayitunganije hamwe n’abatwara Netflix ngo bikunde barabe ko yogurwa n’ico kigo ngo kiyerekane Ku rubuga rwabo.

Iryo reresi rikaba uku kwezi ryitezwe gushirwa ahabona, muri Tanzania akaba ari kuri uyu wa 16, I Burundi kuwa 18, nayo bukeye kuri App ya Wema Sepetu ikaba izoca ishirwa ahabona.

Facebook Comments

Most Popular

Itegeko rigenga itunganywa gushasha ry’intwaro mu gihugu ryatowe

Ukujaho kw'umunyamabanga ntayegayezwa arenga umwe mu bushikiranganji hamwe n'uko igisagara ca Bujumbura cotunganywa co kimwe n'izindi ntara, ni bimwe mu biri  mu nteguro y'ibwirizwa...

Menya ivyo Bain Turo asaba Big Fizzo na Sat-B

Umuririmvyi Bain Turo arasaba ko abaririmvyi batobato bahurikiye muma Label atandukanye batorererwa murwanko nkuko bakuze arirwo rukunze kuvugwa. Abicishije mukiganiro yakoranye na Indundi Tv ni...

Education : Birabujijwe kwiga incuro 3 mw’ishure rimwe

Kirazira kikaziririzwa ko umunyeshure yiga mu mashure y’intango ko ashobora kwiga incuro zitatu mw’ishure rimwe (triplement), kiretse hari insiguro ziboneka ziheza zigahurizwako n’abajejwe iryo...

BCM : Jumaine niwe yatsindiye agashimwe k‘ukwezi kw’i 9

Nk’uko bizwi buri kwezi abakunzi b'inkino bahurikiye mu mugwi BCM Burundi bahora batanga agashimwe buri ukwezi k'umumenyereza yama yitwaye neza mu nkino 4 ziheruka...

Facebook Comments