Home Burundi Abakiri bato mu muziki nibo batumye Nziza Desire aja mu gacerere 

Abakiri bato mu muziki nibo batumye Nziza Desire aja mu gacerere 

Nziza Desire ngo abantu nibitege ibikorwa vyiwe vuba, kandi ngo hari n’umuririmvyi wo mu bwongereza bagiye kuzokorana indirimbo.

Agacerere yaragize imisi arimwo ngo gasigurwa nuko yashatse gusigira ikibanza abakiri inyuma yiwe nabo ngo baronke akaryo ko kumenyekana. Ivyo biheruka gushikirizwa na Nziza Desire mu kiganiro na Betv.

Muri ico kiganiro,Desire avuga ko imvo itari iyo yonyene ngo kuko mu mahanga aho ari hari vyinshi bimufatira birimwo amashure n’ibindi. Yongeyeko ko anafata akanya ko kwandika ngo asohore indirimbo zitazogenda nk’ifu y’imijira ahubwo zizoramba.

Nziza yanagarutse Ku ndirimbo ariko arakora aho avuga ko hari umuririmvyi wo mu bwongereza agiye gukorana nawe mu musi ya vuba.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yaramaze igihe ataboneka mu muziki ndundi. Aho uturirimbo nk’ibishimbo n’ibigori aritwo twaheruka kwumvikana cane mu ndirimbo ziwe zose.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports | Samuel Umtiti yasanganywe Coronavirus

  Ku bipimo vyaraye bikorewe  umufaransa Samuel Umtiti akina mu mugwi Fc Barcelona  muri iyi ndwi vyererekanye ko uwo mukinyi w'inyuma wa Fc Barcelona yanduye...

# Indundi Sports | Mike Tresor niwe yafashije Willem gutsinda VVV_ Venlo

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 14 Myandagaro 2020, niho umugwi wa Willem ukinamwo Ndayishimiye Mike Tresor wari wakiriye umugwi VVV _...

# Indundi Sports | Christiano Ronaldo yoba agiye gukina na Messi muri Fc Barcelona?

Kuva kera abakunzi b'inkino batandukanye bamye bipfuza kubona Christiano Ronaldo akina mu mugwi umwe  na Lionnel Messi . Si abakunzi b'inkino bonyene bipfuza kubona Christiano...

Hagati ya Sat-b na Big Fizzo hashobora kuba hasubiriye gusha

Biragoye gutora ikiriko kirakinwa hagati ya Big Fizzo na Sat-b kuko wokwibaza ko icuka coba kitari ciza muri ino misi, ivyo tukabivuga twisunzi ivy’umwanditsi...

Facebook Comments