Scroll to Top

Aba nibo bakinyi b’intamba bamaze gushika Ibujumbura

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 29 Aug 2019 13:03 PM / /

 

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Myandagaro(08) umwaka wa 2019 Intamba mu rugamba zabandanije imyimenyerezo yo kwitegurira umigwi nserukira guhugu ca Tanzania mu rukino rwo gukurakuranamwo mu kurondera itike ryo gukina igikombe c’isi kizobera muri Qatar umwaka wa 2022 .

@Akeza pic

Abakinyi bashika kuri bane bakina hanze y’igihugu nibo babonetse mu myimenyerezo yo kuri uno wa kane.

Abo nabo akaba ari aba bakurikira:

1) Jonathan Nahimana
2) Gael Bigirimana
3) Joel Bacanamwo
4) Diamand Ramazan .

Mu kamenya ko urukino ruzohuza Intamba mu rugamba na Tanzania rutegekanijwe ku musi wa gatatu w’indwi iza i Bujumbura Ku kibuga c’intwari isaha icenda 15h00 igenekerezo rya 04 nyakanga(09)mugihe urwo gusubiroza ruzobera i Dar es Salaam igenekerezo rya 08 Nyakanga(10) nyene.

Add Comment