Scroll to Top

Saido Berahino yaraye afashije Zulte Weregem gutsinda Royal Antwerp

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 02 Sep 2019 09:50 AM / /

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 01 Nyakanga umwa wa 2019 isaha zibiri z’ijoro 20h mu masaha yo mu gihugu c’Ububirigi niho umugwi Zulte Weregem wari waramutse wakira imugwi wa Royal Antwerp ukinamwo umukinyi w’umu congomani Dieu-Merci Mbokani mu rukino rw’umusi ugira gatandatu w’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ububirigi, urwo rukino rukaba rwarangiye Zulte Weregem utsinze Royal Antwerp ibitsindo 2-0.

Saido Berahino ari mu baraye bafashije umugwi wa Zulte Weregem kuronka intsinzi aho ariwe yatanguye kwinjiza igitsindo ca mbere ku munota wa 34 nayo icakabiri cinjijwe n’uwitwa Defauw ku munota wa 41 w’urukino .

Saido Berahino akaba yaciye akwiza ibitsindo 3 mu nkino 4 amaze gukinira uyo mugwi wa Zulte Weregem .

Uyo kizigenza w’intamba mu rugamba akaba yitezwe gushika i Bujumbura kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Nyakanga umwaka wa 2019, aho azoba aje kwifadikanya n’abandi bagenziwe b’intamba mu rugamba mu rukino ruzoba ku musi wa gatatu igenekerezo rya 04 Nyakanga umwaka wa 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari .

Add Comment