Scroll to Top

Meddy ntavuga rumwe n’abariko bamutegurira igiteramo I Bujumbura

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 27 Dec 2018 17:21 PM / /

Mu gihe Meddy ashikiriza mw’itangazo ko bunguruje igiteramo bari bafise I Bujumbura kuri uyu wa 31 kigarama, abariko baragitunganya hano I Bujumbura bo babibona ugutandukanye n’ukwiwe.

Abarongoye Cristal Event bavuga ko Meddy yahagaritse urugendo rwiwe ngo kubera ikibazo c’umutekano, naho bo babona ko ico kitari kuba icitwazo kuko bari bamaze gutegura ibishoboka ngo yaba umutekano wiwe n’uwabazoba bari muri ico giteramo wubahirizwe. Ivyo ngo bakaba babizobereyemwo kuko hari na mugenziwabo, Buravan, bateguriye igiteramo kandi yasubiye inyuma amarembe.

Ku kibazo c’uko hoba hari icizere c’uko yoba azohava asubira gutegurirwa igiteramo, Cristal Event ntaco ibivugako kuko bo bavuga ko ikirangamisi bihaye c’ukuzana abaririmvyi batandukanye hano iwacu muri 2019 kibandanya. Meddy ngo yari umwe muribo. Sheba kalungi akaba yitezwe mu kwezi kwa 3, Mafikizolo bo muri afrika y’epfo nabo mukwa 5. S’abo gusa kuko ngo muci hari igiteramo citiriwe Happy People, ico ngo kikaba citezwemwo ibihangange bitari bike.

Mukamenya ko hari abatari bake boje hano iwacu kuhakorera ibiteramo ariko ata numwe azohahonyoza ikirenge, aho tukavuga abaririmvyi Meddy na Bruce Melodie hamwe n’abatumire bokwitavye igiteramo citirirwa Silent Disco, abo bamwe bakaba boturutse I Kigali.

Categories : homepage promoted

Add Comment