Scroll to Top

Cedric Bangy na Happy Famba hoba hari ukutumvikana hagati yabo

By king epimax / Published on Tuesday, 10 Sep 2019 09:40 AM / /

Ukutabonwa kumwe na management y’umuririmvi Vichou kuvyo basazwe bariko baramukorera yoba ariyo ntandaro yavyose.

Ni inyuma y’aho umuririmvyi Vichou asazwe ari mumurwi Peace and Love asohoreye ururirimbo yise Sorry ururirimbo abatari bake bagiye baruvugako ugutandukanye haba ku rubuga rwiwe rwa Youtube aho ubonako bamwe barushimye bagenda bamukeza abandi nabo bakarunegura, Cedric Bangy wewe yashimye kumuha impanuro abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook aho yagize ati:

”Mon frère VICHOU PEACE ndifuza ko wosubira kuririmba
STYLE yawe ya kera kuko niyo abantu benshi bagukundira kandi bakwemerera.
Ivyo vya MANAGEMENT biriko
Bigutuma uva mukanovera k’umuziki wawe bwite uja mu wundi muziki uriko ugukura mu buhinga bwawe bukomeye benshi bagukundira. Ataruko uzosanga uriko ugenda akayombekere kandi wari umwe mu baririmvyi b’abarundi bakomeye kandi bafise kazoza, mbere jewe ubwanje nakunda.

NB.NIMPANURURO GUSA MUGENZI KUKO NDAKWIFURIZA INEZA NTANABI IRIMWO NAMBA.

Kwenda na mda ni vizuli lakini saa zingi inafifisha talent. KUJANA N’ISI HARIGIHE ISI IGUSIGA UGASIGARA
MUKANGARATETE MUHANYI..
merci VICHOU.”

Ayo niyo  majambo yashikirije ivyahavuye bihinduka bizana impari kubasazwe bamukwirikira aho ubona harimwo n’abaririmvyi nka Romeo Igwe nawe yagenda ashikiriza uko abibona, ariko umwe mubasazwe barongoye management ya Vichou ariwe Happy Famba ntiyatevye nawe yahavuye yandika  ati:

“Cedric Bangy reka ishari ushaka ube umu coach kunguvu tuzokugorora sha ntufyine na thefighter ivyiwawe vyarakunaniye ushaka Vichou akuduze twebwe dushaka ivyiyumviro vy’aba fans apana injavyi kandi tuzogukosora nokugushira kumurongo #sorry.”

Mwomenyako ivyo bibaye mu gihe haciye imisi umuririmvyi Vichou asa n’uwutagisohora indirimbo twokwita ko ari Music Live aho ubona ubu ko asa n’uwahinduye akaja mu zindi Style.

Add Comment