Home homepage Ikiziga ca Perezida Mugabe caraye gishikanwe muri Zimbabwe

Ikiziga ca Perezida Mugabe caraye gishikanwe muri Zimbabwe

Ikiziga c’uwahoze arongoye igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe caraye gishikanwe muri Zimbabwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Nyakanga  2019 kivanywe muri Singapour aho yapfiriye mu mpera z’indwi iheze mu ntumbero yo gutegura ibirori vyo kumushingurana iteka.

Uwo mutama afatwa nk’uwaharaniye ukwikukira kw’igihugu ciwe ca Zimbabwe mu kwirukana abakoroni b’abongereza ariko mu nyuma agahava afatwa nk’umutware atwaza umukazo, yapfuye ku musi wa gatanu w’indwi iheze igenekerezo rya 6 Nyakanga 2019 akwije imyaka 95 y’amavuko.

Ku kibuga c’indege yakiranywe iteka ridasanzwe aho isandugu yarimwo yari ifutswe n’ibendera ry’igihugu kandi abanyacubahiro batari bake harimwo n’umukuru w’igihugu bari bahishikiye ndetse n’abasirikare bakomeye hamwe n’abanyagihugu batari bake bari baje kwakira ico kiziga aho caciye kijanwa ahasanzwe hari inyubakwa yiwe mu birori vyo kumusezera ubwa nyuma.

Bikaba bitegekanije ko uyu musi ikiziga ciwe bagitwara mu kibuga c’umupira w’amaguru citwa Rufaro kugira bagisezere kandi hama ace yongera atwarwe mu masaha y’inyuma ya sasita ku gatumba iwabo Zvimba ahasanzwe hari inzu yiwe.

Ibirori vyo kumusezera ubwanyuma bikaba bitegekanijwe ku wagatandatu ku kibuga c’umupira w’amaguru ci Harare ku murwa mukuru gisanzwe cakira abantu benshi bashika ku 60 000. Bitegekanijwe rero ko amaziko azoba ku musi w’Imana ariko bikaba bigiteye ikibazo hagati ya Leta n’umuryango wa Mugabe kuko muri Leta bashaka kumushingura ahasanzwe hashingurwa abantu biteka bagize ico bamarira igihugu muga umuryango wiwe nawo ukaba ushaka ko yoshingurwa ku gatumba iwabo nk’uko Mugabe ubwiwe yari yarabibasavye.

Mwomenya ko muri ivyo birori hategekanijwe kuzoba hari abanyacubahiro batari bake nk’umukuru w’igihugu c’ubushinwa Xi Jinping , uwahoze arongoye igihugu ca Cuba Raoul Castro, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Cyril Ramaphosa, umukuru w’igihugu ca Nigeria Mohammadu Buhari hamwe na Félix Tshisekedi arongoye Repubilika iharanira demokarasi ya Congo.

Facebook Comments

Most Popular

#dispora| Inyuma ya Saido?Seleman, na Bantu Bowy Hakurikiye BDUSA

Bamwe mu barundi b'umutima barabandanya kugarukira kuri bene wabo bahitanywe n'umwuzurira mu Gatumba muri komine  Mutimbuzuzi. Ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi babarizwa ku mugabane wa America (BDUSA)...

Kirikou yiswe umusirikare n’abamukurikirana

Ishusho ryashizwe Ku rubuga rwa Instagram rwa Kirikou. Ryateje ibibazo bikomeye mu bakurikirana urwo rubuga, iryo shusho naryo rikaba ryaherekejwe n'akajambo ngo "Attention", mu...

#Diaspora|Ramadhan kuva mu Burundi akaja muri Manchester United nivyo vyamushikanye muri Espagne

  Largie Ramadhan Umurundi akanagira n' ubwene gihugu bw'u Bubirigi ku myaka 19 yahora akinira  Manchester United umurwi w'abakiri bato wa B, yanse ko yongereza...

# Indundi Sports | Espoir Fc yaguze umukinyi yahoze akinira Aigle Noir The Fighters

Umugwi Espoir Fc wo mu gihugu c'u  Rwanda waguze Myugariro avuka kuri Se w'umunya Rwanda nyina akaba  umurundi. Nahimana Ismail w'imyaka 21 yashize umukono Ku...

Facebook Comments