Scroll to Top

Harmonize yavuze kwisubira hasi ryiwe kuko atakirikumwe na Diamond

By KING YANN COOL / Published on Friday, 20 Sep 2019 10:28 AM / /

Ngo nta gahunda yo gusubira hasi, Harmonize afise naho yakinjuye muri uwo muryango wamufashe ukuboko atera imbere mu muziki.

Harmonize ntavyumva kumwe n’abibaza ko afise ikiringo gito kugira azobe yamaze gusubira hasi kubera yamaze gutandukana na WASAFI.

Akoresheje urubuga rwa Instagram, uwo musore yakuriye mu minwe ya Diamond, yijeje abamuha ikiringo c’umwaka ko azoba yasubiye hasi, ko azotangara.

Kuri urwo rubuga umwe mu bagize ico bashikiriza, yamenyesheje ko abahanuye uwo muririmvyi kuvavanura na Wasafi, ngo n’abatipfuza iterambere rya WCB.

Ivyo bikaba bishikirijwe inyuma yaho hamenyekaniye ko uwo muririmvyi atakibarizwa muri WASAFI, abatari bake bakabona ko iyo ari intango y’ukuzima kw’uwo muririmvyi yarageze ahameze neza.

Mwokwibuka ko imyaka bari baremeranije gukorana itari bwahere, none ngo uwo musore ashobora kuriha amahera atari make ngo yemererwe gukinjura muri uwo muryango.

Add Comment