Scroll to Top

Aho wokura Don’t cry ya Sat-b na Aslay Ku buntu

By KING YANN COOL / Published on Friday, 20 Sep 2019 10:58 AM / /

Akaririmbo Don’t Cry Sat-b yakoranye na Aslay kabanje kugurishwa imbere yuko gahabwa abantu Bose.

Akaririmbo Don’t Cry Sat-b yakoranye na Aslay wo muri Tanzania kamaze gushirwa ahabona. Ako karirimbo kakaba kumvikanamwo uwo muririmvyi w’umu Tanzania aririmbamwo n’ikirundi.

Ariko naho kashizwe ahabona, ako karirimbo gushika ubu kakaba kashobora kumvirizwa n’abakoresha imbuga zimwe zimwe zisanzwe zidandaza umuziki nka Apple music, Deezer, Spotify n’izindi nkuko vyabonetse Ku rubuga rw’uruganda Africori, ruriko rugurisha uwo muziki.

 

Ariko kandi abafise urubuga rwa Boomplay rusanzwe rubarizwako indirimbo zitari nke bakaba bashobora kuyumviriza ata nkomanzi.

Hakaba hakirindiriwe kumenyekana ryari kazoshirwa ahabona ku rubuga nka Youtube, canke nimba kazoshirwako aruko kabanje gukorerwa amasanamu yako.

Add Comment