Scroll to Top

Saido Berahino yaraye afashije Zulte Weregem gutsinda Cercle Bruges

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 06 Oct 2019 04:31 AM / /

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 Gitugutu umwaka wa 2019, umugwi Zulte weregem wari wakiriye umugwi Cerle Bruges ku kibuga cawo ca Arc -en-Ciel mu rukino rw’indwi igira 10 y’ihiganwa ryo mu Cicero ca mbere mu gihugu c’Ububirigi Jupile pro league, urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi Zulte Weregem unyagiye Cercles Bruges ibitsindo 6-0.

Kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino akaba yaraye afashije umugwi wiwe Zulte Weregem gutsinda Cerle Bruges aho yawinjirije igitsindo ca 5 ku munota wa 85 w’urukino ibindi bitsindo bikaba vyatsinzwe na Bruno yinjije ibitsindo 2 Larin nawe yinjiza 2 igitsindo 1 kikaba arico bitsinze bonyene.

Saido Berahino akaba yashitse muri uyo mugwi umaze gukina inkino zitatu mu nkino 7 zose amaze gukinira uyo mugwi kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino amaze gutsinda ibitsindo 4 .

Umugwi Zulte Weregem ukaba waciye urara mu kibanza ca 6 n’amanota 16.

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment