Scroll to Top

Bimenyimana Bonfis Caleb yaraye afashije FK Atlanta Klaipeda gutsinda Trakai

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 06 Oct 2019 06:31 AM / /

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 Gitugutu umwaka wa 2019, niho umugwi wa FK Atlantas Klaipeda ukinamwo umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba wakira umugwi Trakai mu rukino rw’indwi ya 26 y’ihiganwa ryo muri Lituanie, urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi FK Atlanta’s Klaipeda itsinze Trikai ibitsindo 2-1.

Bimenyimana Caleb akaba yaraye afashije FK Atlanta Klaipeda gutsinda Trakai aho yinjije igitsindo ca mbere ku munota wa 69 w’urukino mugihe ica kabiri cinjijwe n’uwitwa V. Luksa ku munota wa 88.

Umugwi wa FK Atlantas Klaipeda ukaba waciye ufata ikibanza ca 6 n’amanota 25.

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment