Home homepage Breaking News : Justin Ndikumana na Mwiza Cynthia baraye baruhiye ubusa

Breaking News : Justin Ndikumana na Mwiza Cynthia baraye baruhiye ubusa

Mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu buca ari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 28 Nyakanga umwaka wa 2019 , niho umutambukanyi w’umunyegori w’intamba mu rugamba Mwiza Cynthia yibarutse umwana w’umukobwa arinze kubagwa ( Operation ) yamara ahejeje kubagwa baciye basanga umwana yamaze kwitaba Imana.

Kuri uyo musi wa gatandatu nyene niho bamushingurana iteka mw’itongo ry’abapfuye ryo ku mpanda.

Justin Ndikumana akaba amaze imisi ari hano mu gisagara ca Bujumbura azanywe no gushingurana iteka umwana wiwe.

Mukamenya y’uko uyo mwana iyo agira amahirwe yo kubaho yari kuba agize umwana agiri kabiri w’uyo munyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikimana.

Facebook Comments

Most Popular

Urwevu: Rumwe mu mpfunguruzo zugurura uturyango tw’ivyumba biri mu bwonko.

Mu bwonko bwawe rero niho urukiza rwawe ruri. Ubutare, amafaranga eka n'ibindi vyose wifuza biri mu vyumba bigize ubwonko bwawe. Mu gitabo canditswe na Napoleon...

Flambeau de la paix y’i Gitega ivugishije benshi

Inyuma yaho Big Fizzo yerekaniye akababaro kiwe, akoresheje aya majambo ati :" Tuzoteza imbere gute umuziki ndundi iyo igikorwa c'igihugu c'uburundi nka flambeau de...

# Indundi Sports | Eric Kirungo yatanguye kuronderwa n’imigwi yo mu Rwanda

Umukinyi wo hagati w'umugwi Olympic Star Kwizera Eric Kirungo atanguye kuronderwa n'imigwi yo mu gihugu c'Urwanda inyuma yo gutsinda igitsindo ciza cane ku ndwi...

# Indundi Sports| Ngaba abakinyi ba kera igihangange Maradona cemera gusumba abandi

  Umukinyi wa kera wa Vital'o Fc Nduwayo Stanley batazira Maradona yavuze abakinyi yigeze kuba yemera mugihe yari akiri umukinyi. Uwo mukukuruke yabiciye bigacika muriyo myaka...

Facebook Comments