Home Burundi R Flow yafashanije na B face na Bamso mu karirimbo gashasha

R Flow yafashanije na B face na Bamso mu karirimbo gashasha

Inyindi ndirimbo ya R flow ishobora kuzosohoka kuri uyu wa mungu, akaba azoyikorana n’uwo bahorana muri The Cousin, Bamso, hamwe na B Face.

Inyuma y’akaririmbo Love yasohoye mu mpera z’ukwezi kw’8 uyu mwaka, Riche ngo agiye gushira ahabona akandi karirimbo gashasha, ako karirimbo akaba yagahaye akazina ka Mungu mbele.

Naho tutarabasha kumenya neza ikirimwo, ariko haramaze kumenyekana ko kazoshirwa ahabona kuri uyu wa mungu. Kandi twarabashije kumenya ko ako karirimbo kakozwe aho yari hano iwacu imbere yuko asubira kwisumamwo I Kigali mu Rwanda.

Ako karirimbo Riche akaba atakaririmvye wenyene, kuko yakoranye na Bamso bahoranye muri The Cousin co kimwe na B Face, asanzwe yifashe neza muri kino gihe mu mudiho asanzwe akora wa HipHop.

Ayandi makuru twaronse bikigoye kwemeza nuko uwo muririmvyi ashobora kuba ariko arategura gushira ahabona amasanamu y’indirimbo Umusaraba w’Urukundo, canke uwo nyene akaba ariko ategura kuyafata, bamwe mu bahinyanyuzi b’amasanamu bakomeye ba hano iwacu bakaba bavuga ko bayirindiranye igishika cinshi.

Mwokwibuka ko R flow ari umwe mu baririmvyi ba hano iwacu bashira ahabona amasanamu make cane, uretse ayo aba yakoranye na bagenziwe.

Facebook Comments

Most Popular

Ngozi-Marangara : Umurwi CVR watanguye kuzura ibisigarira vy’abahambwe mu binogo rusangi

Igikorwa co kuzura ibisigarira vy'abantu bahitanywe n'urwimo rwabaye mu mwaka wa 1988 ku mutumba wa Burenge muri komine Marangara intara ya Ngozi catanguye kuri...

Habonetse akaririmbo k’umunyamulenge Gallas na Kidum

Inyuma y’ukumenyesha ko hari indirimbo nshasha yamaze guheza gukorwa yakoranye n’umuririmvyi w’umunyaKenya, uwo muririmvyi yahavuye amenyesha ku musi w’ejo ko hari iyindi yo iza...

Ikigo OBR kirashima umwimbu cakuye mu kurwanya urudandazwa rutemewe n’amategeko

Umwimbu uturutse mu kurwanya urudandazwa rutemewe n'amategeko ngo wariyongereye ugereranije n'uwatojwe mu mwaka uheze. Mu kiganiro umuyobozi mukuru w'ikigo kijejwe gutoza amakori n'amatagisi OBR yagiraniye...

Umubabaro Official Video Niyo igiye gukurikira imbere yuko basohora izindi zibiri

Indirimbo Umubabaro n'imwe mu ndirimbo imaze igihe kitari gito aho ari indirimbo vyabonetse cane ko abakunzi b'umuririmvyi Sat-B n'abakunzi b'umuziki muri rusangi bari banyotewe...

Facebook Comments