Scroll to Top

Ishirahamwe FFB ryatanguye amatohoza kuwatanze umwambaro w’intamba ku mugwi les Gazelles

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 21 Oct 2019 09:03 AM / /

Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 20 Gitugutu umwaka wa 2019, umugwi w’abigeme bakina umupira w’abakobo Basketball witwa Les Gazelles waraye ufashe urugendo werekeza mu gihugu ca Tanzania kwitabira inkino za Zone 5.

Muri urwo rugendo rwa les Gazelles harabaye ikintu catangaje abantu benshi aho abo bigeme bagiye bambaye impuzu (Training ) z’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba, ivyatumye uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reveriyano Ndikuriyo agira ico ashikirije kuri izo mpuzu bagiye bambay .

Honorable Reveriyano Ndikuryo akaba yanditse kuri Facebook y’uko ibiro vy’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB vyatanguye amatohoza kuwatanze izo mpuzu kuri les Gazelles.

Akab yagize ati : “Ibiro vy’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB vyatanguye amatohoza kuwatanze impuzu z’umurwi nserukiragihugu INTAMBA MU RUGAMBA ku murwi wa LES GAZELLES wa basketball”.

Benshi gushika n’ubu ntabariko batahura ingene umwambaro w’intamba mu rugamba wotangwa ku bakinyi ba Basketball uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB atabizi.

Add Comment