Scroll to Top

#cinemandundi| Ibrahim Kwizera buca yama munda y’indege

By KING YANN COOL /Published on Monday, 02 Mar 2015 07:53 AM // 4363 views
IMG-20150227-WA0015
Mu o Artistide na Kwizera Ibrahim

 

Uko buca siko bwira, uwo n’umugani w’ikirundi utanga umwizero. Uko hahera imisi Ibrahim Kwizera niko aguma atera imbere buke buke mu gisata c’amareresi mu Burundi.

Mu mwaka wa 2014 muri Festicab Ireresi ryiwe yise ASHLEY ryatahukanye agashimwe k’ireresi ryari rifise isanamu nziza(Meuilleur Image), akaba yagize ati ni ntambwe nteye buca nanje nshobora gushika mu yandi mahiganwa. Muri iyo misi nyene niho hari intumwa zivuye mw’isabukuru FESPACO ryo muri afrika y’uburengero niko guca atanga iryo reresi nyene rikarungikwa muri iryo sabukuru.

Muri kano kanya akaba yicaye i OUAGADOUGOU kuko iryo reresi ryacaguwe mu yandi rishimwe gushirwa muri iryo higanwa mu muce wa FICTION Court Metrage, rikazokwerekanwa kabiri.

Mu Burundi akaba atariwe wenyene yagiye kuko na mugenziwe Muco Artistide yakoze Documentaire yise Intore ayikoranye na Aristide Gatihabwa nawe yagiye ajanye iryo reresi nawe. Mu babaherekeje hakaba harimwo Leonce Ngabo asanzwe arongoye FESTICAB hamwe na Diane ajejwe Programation muri Festicab.

Amakuru dukura ku begereye uwo musore avuga iyo yoba ari intango y’ingendo zitari nke ashobora gukora kuko iryo reresi ririko rirungikwa mu mahiganwa tandukanye mu nyuma yaho arungikiye muri Espagne hamwe no muri Tanzanie.

Amwe amwe mu mafoto aranga ivyo birori barimwo

Categories : Burundi Indundi Cinema

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel