Home homepage Uganda : Uwagandaguye umuririmvyi Mowzey Radio yamenyekanye

Uganda : Uwagandaguye umuririmvyi Mowzey Radio yamenyekanye

Godfrey Wamala azwi nka Troy yagiriwe n’icaha co kugandagura umuririmvyi Moses Sekibogo benshi bari bazi nka Mowzey Radio.

Mowzey Radio akaba yishwe mu mwaka uheze w’2019, inyuma yo gukubitirwa muri kamwe mu bunywero kari i Kampala ku murwa mukuru wa Uganda.

Mu ntahe y’icese yo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Gitugutu 2019, bwana Wamala yireguye ko igihe Radio yakubitwa yari muri ubwo bunywero ariko ko atigeze aja muri iyo miswano, ivyo umushirizamanza Jane Francis Abodo atemeye, akazocibwa urubanza kuri uyu wa kane igenekerezo rya 31 Gitugutu 2019.

Mwomenya ko amategeko mpanavyaha muri ico gihugu ategekanya ko mu gihe umuntu yagiriwe n’icaha  c’ukwica umuntu aheza agahanishwa umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Tubibutse ko umurwi Goodlife wari ugizwe n’abaririmvyi babiri aribo Weasel na Radio wakunzwe cane n’abantu batari bake haba mu Buganda ndetse no mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko canecane indirimbo zawo nka Amaaso, Zuena, Nakudata, Bread and Butter, Ability n’izindi.

Facebook Comments

Most Popular

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruhamagarira urwaruka kutaja mu bintazi

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruriko rurafasha urundi rwaruka rwo muri Komine Buganda ruri mu buruhuko kwitunganya Mu ntumbero yo gufasha urwaruka ruri mu buruhuko...

Kamoso yavuze kuvyo yabonye ku muryango wa Nyakwigendera Petero Nkurunziza

Uguhura kwa Eddy kamoso n'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Nyakwigendera Petero Nkurunziza, ngo vyabaye ugusohora kw'amasezerano Imana yari yarahaye uwo muririmvyi akaba n'umumenyeshamakuru. Mu kiyago n'ikinyamakuru Isibo...

# Indundi Sports | Abakinyi b’aba nyamahanga Aigle Noire yazanye

Mundwi yaraye iheze umugwi Aigle Noire the Fighters werekanye abakinyi batatu b'abanya mahanga bavuye muri Tanzania wazanye mu ntumberoyo kwiyuzuza no kwikomeza . Umumenyereza w'umugwi...

# Indundi Sports | Mohammed Amissi yaraye ahonyoye mu mugwi mukuru Heracles Almelo

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 1 Myandangaro mu gihugu ca Hollande niho umugwi Heracles Almelo w'abakuze wakina mu rukino rwa mbere rwa kivandimwe...

Facebook Comments