Home homepage Tity Mavugo yoba agiye gukinira mu Misiri?

Tity Mavugo yoba agiye gukinira mu Misiri?

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 05 Gitugutu 2019 niho ku rubuga ngurukanabumenyi bwa Facebook rw’iradio Eagle Sport Time handitswe y’uko ku musi w’Imana ku muhingamo niho umukinyi yahora akinira umugwi wa Aigle noir the Fighters Titi Mavugo yafata indege yerekeza mu gihugu ca Misiri, akaba ariyo agiye gukinira. Umugwi agiyemwo bakazowumenyesha hanyuma.

Inyuma y’iyo nkuru Indundi Sports yashoboye kurondera abari hafi y’uwo mukinyi hamwe n’abasanzwe batanga amakuru y’umugwi Aigle noir yamara ntibashobora kugira ico bashikirizaje kuri iryo genda ry’uyo mukinyi mu Misiri.

Mwomenya ko Titi Mavugo yari umwe mu bakinyi b’abasatirizi umugwi Aigle Noir The Fighter wagenderako.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports | Umumenyereza wa Aigle Noir yahawe akazi gakomeye mu mwaka uza

  Inyuma y' itahukanwa ry'igikombe c'Ihiganwa rya Primus league ry'umwaka wa 2019 ushira 2020 , uburongozi bwa Aigle Noir The Fighters bwahaye iigikorwa kidasanzwe umumenyereza...

#made in Burundi| Kiyo Fashion Colletive barahagurukiye guteza imbere abanyamwuga

Ivyiza bihingurirwa iwacu ni vyinshi kandi ni vyiza, iyo ikaba ariyo mvo yahagurukije urwaruka ruhurikiye mw'ishirahamwe Kiyo Fashion Collective gutezimbere ivyahinguriwe iwacu (made in...

Uko ibirori vyo kwibuka imyaka 58 iheze Uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira vyagenze

Kuri uno wa mbere Mukakaro umwaka w’2020, Uburundi n’abarundi baramutse bahimbaza imyaka 58 irangiye Uburundi buhabuje intahe yo kwikukira, ibirori vyahimbarijwe ku mirwa mikuru...

Blaise Yafashije gushikana Namungo muri Demi -Finale

Kuri uwu wa Kabiri w'igenekerezo rya 30 Ruheshi 2020, niho umugwi Namungo Fc ukinamwo abarundi nka Steeve Nzigamasabo hamwe na Blaise Bigirimana wakira  Alliance...

Facebook Comments