Scroll to Top

#isanganiroawards5 |Umudiho wa Hip Hop ngo warabwe irarirari

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 04 Apr 2015 12:57 PM / /

10391386_651378614970581_2963516620728041129_n

Abatunganije Isanganiro Awards n’abamenyeshamakuru n’abakunzi b’umuziki bamwe bamwe ntibabona kumwe itunganwa ry’iryo higanwa kuko babona ko hari imwe mu midiho isa n’iyakumiriwe.

Mw’ishirwa ku mugaragaro ry’indirimbo 10 ziri mu gice ca nyuma c’ihiganwa Isanganiro Awards kuri uyu wa gandatanu igenekerezo rya 3 ndamukiza mu nyubakwa z’insamirizi Isanganiro, abatumire barashikirije ico bibaza kuri iryo higanwa hamwe n’indirimbo zatowe.

Muri ico kiganiro umwe batumire bari bahari bamenyesheje ko indirimbo zo mu mudiho wa none zisa n’izibagiwe kuko zitabonetse muri izo cumi. Kubwiwe ibura ry’izo ndirimbo iva ku murwi watanga amanota aho uwo murwi utarimwo abasanzwe bamenyereye ino midiho ya iharawe.

Uwo mutumire nyene akaba yaranatanze uburorero bw’abaririmvyi b’urunganwe rushasha bamaze gukomera kandi bafise n’ubushobozi bw’ukuba muri iyo mirwi itanga amanota mu mahiganwa aho akaba yavuze nk’umuririmvyi Steven Sogo hamwe na Mugani Desire benshi bazi nka Farious ngo nabo bogira ico baterereye.Ku bw’uwo mutumire ngo n’iryo n’iteka ryoba ritewe abaririmvyi kuko ico bita CV gica kiduga kuri bamwe bamwe.

Ico ciyumviro ntucashikirijwe n’uwo mutumire gusa kuko n’abahamagaye batari bake barashoboye kumenyesha ko imidiho ya Hip Hop bayibagiye, aho bakavuga nk’indirimbo uburundi n’igihugu s’ikibuga y’umuririmvyi Zoe Saint Regis itashoboye gutorwa kandi ngo ifise ubutumwa bushika ku mitima y’abarundi.

Mbega none Indirimbo kugira zitorwe hari ikibazo c’ubutumwa buri mu ndirimbo kirabwa ? Naco baragize ico bakivugako tuzokigarukako.

Twokwibukanya ko abatowe muri iryo higanwa ari , Urwaruka Turashoboye by Yves Kami (1)Burundi by Spoks Man(2)Ubwami Bwawe burarangiye by Leonard NIYOMWUNGERE(3)Uburundi Bwacu by Natacha (4)Burundi Yetu by Emelance Emy (5)Ukuri n’Ijambo by Juvenal Ndayisenga (6)Iyataba wewe by John BAMBONEYEHO (7)Akana by GN (8), Intahe by Christian NIMBONA (9)Africa by Ashley (10 ), nayo kugira ubatore ku bakoresha imihora ya Leo wandika ubutumwa bugufi muri Message aho wandika ijamboIsanganiro” ugakurikiza igiharuro c’indirimbo ushaka gutora ukarungika kuri 123 (Isanganiro 10 =====> 123).

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel