Scroll to Top

#isanganiroawards5 | Evode Ntahonankwa | Abaririmvyi b’abarundi barateye imbere Ku bice bishimishije

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 05 Apr 2015 18:11 PM / /

Ku bice 70% abaririmvyi barateye imbere uravye indirimbo ziri muri Isanganiro Awards y’uyu mwaka hamwe n’iziyindi myaka, ivyo vyashikirijwe na Evode Ntahonankwa umwe mu bari mu batanga amanota muri Isanganiro Awards.

<<...Umuziki wama ari umuziki itandukaniro akenshi usanga ari akaovera gusa(gout) nayo les gouts et les couleurs ne se discutent pas.Mugabo jewe akenshi nakunda kwihinguza kuvyerekeye text ariko uy’umwaka nabonyemwo amakosa make cane sauf l’articulation des mots kuri ku ma rap. kandi qualité iguma yiyongera. Harimwo aka acoustic nako kakaba kazana ishusho Professionnel. et c’est bon.>>  Uko niko Evode ashima iterambere ry’abitabira ihiganwa rya Isanganiro Awards nkuko yabishikirije mu kiganiro yatanze kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 5 ndamukiza.

10626285_847700955250954_6545343436861156377_o

Akaba yemeye kuzogira ico avuze ku bijanye n’ivyo babaha barabirako mu gutanga amanota yongere agire ico aterera. Akaba nawe nyene amenyesha ko ariko arakora ibikorwa vuba cane azoshira ahabona, yukazobigarukako.

Twokwibukanye ko ari umwe mu bamaze igihe kitari gito mu murwi utanga amanota muri iryo higanwa rya Isanganiro Awards. Mwokwibuka kandi ko ushaka gutora ubu vyatanguye guhera ku musi wa gatanu aho wandika ijambo Isanganiro ukongerako igiharuro c’indirimbo ushaka ukarungika kuri 123 ku bakoresha umuhora wa Leo gusa(isanganiro 10=====> 123).

Izo ndirimbo zikaba zikurikirana uku:

(1)Urwaruka Turashoboye by Yves Kami, 

(2)Burundi by Spoks Man,

 (3)Ubwami Bwawe burarangiye by Leonard NIYOMWUNGERE,

 (4)Uburundi Bwacu by Natacha ,

(5)Burundi Yetu by Emelance Emy , 

(6)Ukuri n’Ijambo by Juvenal Ndayisenga ,

 (7)Iyataba wewe by John BAMBONEYEHO, 

(8)Akana by GN ,

 (9)Intahe by Christian NIMBONA ,

(10 ) Africa by Ashley,

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel