Scroll to Top

#indundimagazine | P Wise | Ubutumwa kuwipfuza kuba umukuru w’igihugu c’Uburundi

By KING YANN COOL / Published on Monday, 06 Apr 2015 13:10 PM / /

Ubutumwa buzohabwa uwipfuza kuba umukuru w’igihugu nibwo buri mu ndirimbo nshasha y’umuririmvyi P wise buca ija ahabona akazoyita Mbaye umukuru w’igihugu canke umutware.

Mu kiganiro Ingoma Beat co kuri uyu wa gatandatu P Wise umuririmvyi w’umurundi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe aha i Bujumbura yamenyesheje ko inyuma y’indirimbo zishika kuri 7 amaze gushira ahabona hamwe n’iyo arindiriye ko izomushikira ivuye mu gihugu kibanyi ca Tanzanie aho yaramaze imisi. Ngo agiye gukora iyindi ndirimbo azita ngo Nkahamwe mbaye umukuru w’igihugu canke Umutware.

P-wise_cover site web

Muri iyo ndirimbo nkuko yabishikirije ngo azovugamwo ibijanye n’ingorane abanyagihugu bafise kugira bishitse hakagira uwokenera kwitoza ngo abe umukuru w’igihugu ace arabira muri ivyo bibazo ashobore gutorera umuti ibibazo abanyagihugu bafise. Muri ico kiganiro yamenyeshesheje ko iyo ndirimbo ayifise haraheze igihe kitari gito.

P Wise ntiyaretse gushimira abamushigikiye mu bikorwa vyiwe aho akamenyesha John Habonimana umumenyeshamakuru wa mbere yamwakiriye akamuha akaryo ko kwumvikana ari naho yahavuye akura uwagiye amushigikira mu zindi ndirimbo ariwe Bagenzinikindi Pasteur.

Categories : Entertainment kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel