Scroll to Top

Culture – Umudiho ndundi urashobora gutambwa mu makungu

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 08 Apr 2015 18:42 PM / /

IMG_9877

Kugira umudiho ndundi ushobore kuvuzwa n’ugukundwa mu makungu, abaririmvyi b’abarundi bari bakwiye kubanza kuyikora cane n’ukuyishira mu ndimi mpuzamakungu.

Kubwa Alphonse umwe mu baririmvyi baririmba indirimbo z’Imana kandi banaririmba mu mudiho kavukire mu gihugu c’Uburundi, ng’umudiho kavukire ni ngirakamaro kuko nico gituma umurundi amenyekana. Eka kubwiwe ngo nta nkeka uwiyishira mu ndimi mpuzamakungu n’abanyamahanga bazoyikunda kuko bamaze kubisaba.

Mu Kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Indundi Magazine yamenyesheje ko hari ibicurarangisho bitandukanye abarundi bakoresha kandi n’ibindi bihugu vyo muri kano karere bakoresha, ngo nka hamwe bikoreshejwe mu ndirimbo zifise imidiho ndundi koba akaryo keza kuko umuco ndundi n’umudiho ndundi bimenyekane.

Mwomenya ko uno muririmvyi asanzwe anafise  urukurikirane rumaze gukorwa rurimwo indirimbo ziri  mu mudiho kavukire, akaba ari n’umutumire mu kiganiro Ingoma Beat aho azoyagira abakunzi b’umuziki ico urudandazwa akora rumariye umuziki asanzwe akora.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel