Home Burundi Fabelove ngo Sat-b ariza abana, nayo Lolilo agasaza abantu

Fabelove ngo Sat-b ariza abana, nayo Lolilo agasaza abantu

Fabelove yerekanye imidiho Sat-b na Lolilo bashoboye kuririmba, akanavuga ko aramutse ashatse Collabo nabo yoraba uwujanye n’ivyo ashaka.

Mu kiyago Fabelove yagiranye na Indundi TV, yabajijwe uwo yocagura hagati ya Lolilo na Sat-b muri Collabo, noneho yanka gucagura umwe.

Imvo y’ukudashaka kugira umwe acagura yavuze ko buri wese afise ivyashoboye mugenziwe adashoboye. Ngo mu gihe ashaka umwe yomuronderera mu gihe ashaka ico ashoboye.

Fabelove yavuze ko Sat-b ashoboye imidiho igenda ishika ku nyota abana, ngo aho akeneye iyimeze uko yomwikorako ngo bakorane.

Ariko Lolilo we ngo imidiho ashoboye ni iyo gusaza abantu, aho ngo niho ashobora nawe kumurondera, ataruko ngo ntiyomurondera.

Aho mukamenya ko bivurwa ko Fabelove adacana uwaka na mugenziwe Sat-b banasanzwe bava muri Quarter imwe. Hakaba hari n’indirimbo bivurwa ko yamuririmvyemwo naho we-Fabelove- abihakana.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports | Uyu niwe mukinyi w’ibihe vyose muri Fc Barcelona ntabwo ari Messi

Abakunzi b'umugwi Fc Barcelona batoye umukinyi w'ibihe vyose w'umugwi Fc Barcelona uyo nawe akaba ari Diego Maradona , mugihe Lionnel Messi yafashe ikibanza ca...

# Indundi Sports |Abakinyi ba 5 b’abanyamahanga nibo bagiye kuza muri Aigle Noire

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 Myandagaro umwaka wa 2020 ,igihe c'isaha umunanani n'igice z'umuhingamo (14h30) Ku kigo c'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi...

# Indundi Sports| Urutonde rw’abakinyi batwaye UEFA mu migwi itandukanye

Mu bakinyi bagiye batwara ibikombe vya UEFA Champions league mu migwi itandukanye umukinyi Christiano Rinaldo w'umunya Portugal niwe aguma aza ubwa mbere hama umudage...

# Indundi Sports | BS Dynamik igiye kumenyerezwa n’umumenyereza yavyigiye i buraya

Inyuma yaho ubuyobozi bw'umupira w'amaguru mu Burundi FFB ( Direction Téchnique)bushikirije amategeko mpuzamakungu bwahawe na CAF avuga ko ata mumenyereza n'umwe yemerewe kumumenyereza umugwi...

Facebook Comments