Scroll to Top

Aba nibo bagiye guhiganirwa agashimwe k’umukinyi mwiza w’umunya Africa

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 02 Jan 2019 04:03 AM / /

Abakinyi batatu bakina mu bwongereza aribo Muhammed Salah akinira Liverpool, Saido Maney nawe akinira Liverpool hamwe na Pierre Emerick Aubameyang nibo bagiye guhiganirwa agashimwe k’umukinyi mwiza w’umunya Africa (CAF) w’umwaka wa 2018 .

Ako gashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka w’umunya Africa kakazotangwa mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri w’indwi iza igenekerezo rya 8 Nzero umwaka wa 2019 mu gusagaca ca Dakar mu gihugu ca Senegal.


Pierre Emerick Aubameyang akaba agira incuro ya 5 aronka amahirwe yo guhiganirwa utwo dushimwe, akaba anganya na Yaya touré hamwe na Michael Essien.

Add Comment