Scroll to Top

Hussein Shaban Tchabalala yaraye ateturuye Bugesera Fc

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 28 Nov 2019 04:16 AM / /

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 27 Munyonyo 2019, ihiganwa ryo mu Rwanda ryari ryabandanije ku musi waryo ugira 10 . Umugwi Kiyovu Sports Fc wari wakiriye Bugesera Fc imenyerezwa na Massudi Djuma urukino rurangira Kiyovu Sports Fc inyagiye Bugesera Fc ibitsindo 5-2.

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Tchabalala yateturuye Bugesera Fc kuko niwe yawutsindiye ivyo bitsindo bibiri.

Igitsindo ca mbere akaba yacinjije ku munota wa 77 w’urukino ica kabiri acinjiza ku munota wa 85 w’urukino.

Hussein Shaban Tchabalala akaba yaciye akwiza ibitsindo 7 mu nkino 9 amaze gukinira uwo mugwi Bugesera Fc, maze aca afata ikibaza ca kabiri mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Rwanda.

Add Comment