Home homepage Uburundi bwatakaje ibibanza 8 ku rutonde rwa FIFA

Uburundi bwatakaje ibibanza 8 ku rutonde rwa FIFA

Umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba watakaje ibibanza 8 ku rutonde rwa FIFA rwama rusohorwa buri kwezi.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Munyonyo 2019 ishirahamwe rirongoye umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryasohoye urutonde rw’ingene imigwi igenda isumbasumbanya ibibanza mu kwezi kwa Munyonyo intamba zikaba zatakaje ibibanza 8, zikaba zisanze mu kibanza ca 151 mugihe mu kwezi kwa Gitugutu intamba zari mu kibanza ca 143. Benshi bakavuga y’uko ukwitwara nabi kw’intamba mu rugamba arivyo vyoba vyatumye Uburundi butakaza ivyo bibanza 8 vyose.

Mu bihugu dusangiye kano karere ka CECAFA nka Tanzania tuyisanga mu kibanza ca 134, Urwanda nabwo tubusanga mu kibanza ca 131, Kenya ikaba iri mu kibanza ca 106 , mugihe Ubuganda tubusanga mu kibanza ca 77.

Mwomenya ko igihugu gifata ikibaza ca mbere kw’isi kikiri Ububirigi bugakurikirwa n’Ubufaransa hama hagaca hakurikira Brézil.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports | Umukinyi mwiza wa Primus league mu nzira yerekeza muri Maroc

Umukinyi w'umusatirizi w'umugwi Aigle Noire yatowe nk'umukinyi mwiza yaranze ihiganwa rya Primus league 2019-2020 Nshimirimana Jospin mu nzira yerekeza mu gihugu ca Maroc mu...

Kubwa B Face ngo imbwa ntiheba iyarara

Indirimbo ya B face na BigFizzo izosohorwa na mweneyo, nayo umudiho wa Rap ngo ntiyawuhevye kuko imbwa ntiheba iyarara.  B Face ngo ntiyahagaritse umuziki uri...

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruhamagarira urwaruka kutaja mu bintazi

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruriko rurafasha urundi rwaruka rwo muri Komine Buganda ruri mu buruhuko kwitunganya Mu ntumbero yo gufasha urwaruka ruri mu buruhuko...

Kamoso yavuze kuvyo yabonye ku muryango wa Nyakwigendera Petero Nkurunziza

Uguhura kwa Eddy kamoso n'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Nyakwigendera Petero Nkurunziza, ngo vyabaye ugusohora kw'amasezerano Imana yari yarahaye uwo muririmvyi akaba n'umumenyeshamakuru. Mu kiyago n'ikinyamakuru Isibo...

Facebook Comments