Home East Africa News The Ben yoba yikoze kuri Otile ngo amucire icanzo

The Ben yoba yikoze kuri Otile ngo amucire icanzo

Inyuma ya Vazi, the Ben yikoze kuri Otile Brown wo muri Kenya ngo bakorane akaririmbo.

Inyuma y’akaririmbo Vazi yakoreye ku mugabane wa Amerika, The Ben asubiriye kandi gushira ahabona akandi karirimbo gashasha. Ako karirimbo kakaba kiswe Can’t get Enough.

Muri ako karirimbo ntiyaririmvye wenyene, kuko yarikumwe n’umuririmvyi w’urunganwe rushasha rwo mu gihugu ca Kenya, ariwe Otile Brown. Uwo akaba ari mu bagize igihe bakora bigashimwa mu midiho itambika, iyo nayo ikaba isa n’iyitamenyerewe cane muri ico gihugu.

Nkuko bizwi ko bigiye cane kwinjira mu muziki wo mu gihugu ca Kenya co kimwe na bimwe mu bihugu bibanyi vyaco, The Ben ashobora kuba yamwikozeko ngo bikunde amucire icanzo muri uwo muziki wo mu gihugu ca Kenya.

The Ben akaba asohoye iyo ndirimbo inyuma y’imisi itari mike asa n’uwudasohora Collabo kuko iyo yaheruka gukora ari iy’indirimbo Thank u my God yakoranye na Tom Close, iyo ikaba yasohotse haraheze imyaka ibiri.

Iyo ndirimbo ikaba yarakunzwe cane, bica binayiha ikibanza ca mbere ku rubuga rwiwe rwa YouTube, aho imaze kurabwa incuro zirenga imiliyoni 3, izisigaye zibarizwa kuri urwo rubuga zikaba zitanashikana imiliyoni 2.

 

Facebook Comments

Most Popular

Uguhinduka kwa Alvin Smith kwagarukanye igikundiro cinshi

Benshi mu bakurikirana ibikorwa vyiwe baremeza neza ko hari ihinduka mu bikorwa vy'Umuririmvyi Alvin Smith na cane cane ko bibonekera mu bikorwa...

Olga yavuze ryari azokorana indirimbo n’umunyarwanda

https://m.youtube.com/watch?v=2MxnoY3Wx2Y Aganira na Yambi, ikinyamakuru co mu gihugu kibanyi c'Urwanda, yahanuwe guhitamwo mu baririmvyi 2 b'abanyarwanda, King James na Bruce Melodie bari mu bariko barakora...

Abamubika akiri muzima ngo nibacire birarura

Kidum ngo abariko baramubika kandi akiri muzima, nibacire birarura kuko sibo bashinga umusi azovira kuri ino si. Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook yashize ahabona Video...

Lieutenant Kévin yahamagariye ingabo zose kubashigikira mu cicaro ca mbere

Mu gihe umugwi w'igisirikare c'Uburundi Muzinga Fc wari uhejeje kwirahira Top Junior ibitsindo 9-0 ku musi wa gatandatu uheze ivyatumye basubira kuduga mu cicaro...

Facebook Comments