Home homepage Omar Ntakagero agiye kumenyereza umugwi wa Vital'o Fc

Omar Ntakagero agiye kumenyereza umugwi wa Vital’o Fc

Inyuma y’imisi itari mike havurwa amakuru y’uko umumenyereza Omar Ntakagero umwanya n’umwanya ashobora gusuburira Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé ayo makuru yahavuye yemezwa n’umwe mu bari hafi y’umugwi wa Vital’o Fc.

Naho Omar Ntakagero yoba agiye kumenyereza Vital’o Fc , Yaoundé nawe azoba ari hafi yiwe kuko ariwe azoca agirwa nk’umuyobozi mu bijanye n’ubuhinga (Directeur Technique) w’uyo mugwi wa Vital’o Fc.

Bikavugwa y’uko uyo mumenyereza Omar Ntakagero ariwe azokoresha imyimenyerezo yo kuri uyu wa mbere uza igenekerezo rya 09 Kigarama 2019.

Ntakagero Omar akaba yari amaze imisi ata mugwi afise bivanye n’uko yahagaritse amaserano yiwe n’umugwi wa Buja City kumvo z’uko batigeze bakurikiza ivyo bari bemeranije n’uyo mugwi.

Omar akaba yraaciye mu migwi itandukanye ya hano iwacu nka Buja City , Athletico Olympic , Union Sporting , hamwe na Academic Tchite. Yaramaze n’igihe gito mu Rwanda mu mugwi Kirehe Fc munyuma arawuvamwo.

Hampande yo kumenyereza iyo migwi, amaze kuba n’umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’abatarenza imyaka 23 aba kandi n’icegera c’umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba z’abakuze (Senior).

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports | Umukinyi mwiza wa Primus league mu nzira yerekeza muri Maroc

Umukinyi w'umusatirizi w'umugwi Aigle Noire yatowe nk'umukinyi mwiza yaranze ihiganwa rya Primus league 2019-2020 Nshimirimana Jospin mu nzira yerekeza mu gihugu ca Maroc mu...

Kubwa B Face ngo imbwa ntiheba iyarara

Indirimbo ya B face na BigFizzo izosohorwa na mweneyo, nayo umudiho wa Rap ngo ntiyawuhevye kuko imbwa ntiheba iyarara.  B Face ngo ntiyahagaritse umuziki uri...

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruhamagarira urwaruka kutaja mu bintazi

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruriko rurafasha urundi rwaruka rwo muri Komine Buganda ruri mu buruhuko kwitunganya Mu ntumbero yo gufasha urwaruka ruri mu buruhuko...

Kamoso yavuze kuvyo yabonye ku muryango wa Nyakwigendera Petero Nkurunziza

Uguhura kwa Eddy kamoso n'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Nyakwigendera Petero Nkurunziza, ngo vyabaye ugusohora kw'amasezerano Imana yari yarahaye uwo muririmvyi akaba n'umumenyeshamakuru. Mu kiyago n'ikinyamakuru Isibo...

Facebook Comments