Scroll to Top

#Burundi# Ibikoko vyahora bigomwa n’ingenzi bisigaye vyisigira ubusa!

By Indundi Staff / Published on Sunday, 20 Dec 2015 01:01 AM / /
????????????????????????????????????
Inguge ziba mu mashamba y’Uburundi.

Inyuma y’aho umukuru w’Igihugu amenyeshereje ko azokwitoza ikiringo ca gatatu, ibitari bike mubijanye n’ubutunzi bw’igihugu vyarasubiye inyuma nk’ibirenge. Muri ivyo igisita c’ingenzi zahora zigendera uburundi nticasigaye inyuma.

Nkuko tubikura mu kinyamakuru Isanganiro, mu kiringo c’amezi umunani cose kirangiye , ingenzi  zitanu zitarenga ngo zirenguke n  nizo zimaze kugendera kuraba ibikoko na cane cane inguge ziba mu mashamba ya  Vyanda na  Kirwena  asanzwe ari mu Ntara za Bururi na Rumonge .

Umushingantahe Léonidas Nzigiyimpa asanzwe ajejwe gukwirikirana ayo mashamba amenyesha ko imbere yuko haba ingorane , ba mukerarugendo na cane cane bava mu bihugu vya bulaya canke Ameriaka bahora bahagendera ngo bahora bashika ijana na mirongo ibiri mu kiringo nkico c’amezi umunani.

Hagati aho, ngo mukurindira ko ibintu bija mu buryo maze Uburundi bugasubira kugenderwa, ababijejwe ngo bariko barigisha inguge zisanzwe ziba muri ayo mashamba ibijanye n’inyifato zogira mu gihe zironse abashitsi.

Categories : homepage kirundi Tourism

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel