Scroll to Top

#indundi Gospel | Fortran muri Kaminuza y’umuziki mu Bufaransa

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 27 Dec 2015 05:34 AM /
#ingomabeat Fortran Bigirimana

Umurundi wundi buca aja mu rutonde rw’abarundi bazoba bize kamenuza y’umuziki.

Hampande y’urukurikirane rushasha Indestructible rw’umuririmvyi Fortran Bigirimana ruheruka gushirwa Ku mugaragaro kandi rukaba ruheruka no gushirwa ku mbuga ngurukana bumenyi ngo zigurishwe, yamenyesheje insamirizi I Pray ko ariko arazunguruka Ubufaransa akora ibiteramo vyo kumenyekanisha urwo rukurikirane.

Hampande yo kuba ariko akora ivyo biteramo, yabandanije ayagira iyo nsamirizi Ko ariko yitegurira ukwinjira mw’ishure ry’umuziki muri ico gihugu c’Ubufaransa, mu gisata ca Jazz.

Twibukanye ko uwo muririmvyi azoba ari mu Barundi bake bazoba bize kaminuza Z’umuziki. Umwe muri abo bake akaba amaze gushinga ishure ry’umuziki I Gitega, akaba ari Musenyeri Baransananikiye.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel