Scroll to Top

#Burundi | Cyrilo Ndayirukiye : ” sinari kuguma ndeze amaboko …”

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 05 Jan 2016 08:24 AM / /
cyrilo
Cyrille NDAYIRUKIYE mu gihe yariko agerageza gutembagaza ubutegetsi.

Mu gihe uno musi ariho yari asanzwe ahawe uburenganzira bw’ukuburana urumbanza mw’ido n’ido, uwo yagirizwa kuba yaragerageje gutembagaza ubutegetsi yaburanye yemanga ivyo yagirizwa  mu kugira ati” sinari kuguma ndeze  amaboko mu kiringo abanyagihugu bariko bararaswa n’Igipolisi nayo NKURUNZIZA ariko arikinira umupira  bisa nkuko bitamuraba”.

Aha twokwibutsa ko n’abandi ba Generali  babiri  bo mu gisirikare hamwe n’umu komiseri wa polisi nabo nyene bari baburanye ejo hahise  bagaheza bakemanga ivyaha bakurikiranwako nk’uku Cyrilo yabikoze.

Yongeye aramenyesha mu Ntahe y’icese ati ” intumbero yacu yari iy’ukubahiriza ibwirizwa shingiro, hamwe n’amasezerano y’amahoro ya Aruha vyatumye haba amahoro inyuma y’intambara yari yarasinzikaje uburundi kuva 1993 gushika 2006, ayo mategeko nayo akaba  yari yahonyanzwe  na NKURUNZIZA mu kiringo vyamubuza gusubira kwitoza ubwa gatatu.”

Ikindi uwo muburanyi atigeze ahengeshanya gutaka mu Ntahe z’Icese  zose yagiye ararengutswamwo, n’uko Sentare  ngo yari kumuhuza n’abantu batatu avuga ko bakoranye uwo mugambi eka mbere akemeza ko yakoreye ku mategeko yabo na narirya ngo bamutwara , abo nabo akaba Generali GACIYUBWENGE Pontiano, yari umushikiranganji w’ukwivuna abansi muri ico gihe, Generali Godefroid NIYOMBARE yigeze kuyobora ibiro bikuru vy’iperereza,  na Generali Prime NIYONGABO yari arongoye ibiro bikuru vy’Intwaramiheto eka n’ubu akaba ariwe akibirongoye.

Yamara kuri ivyo yari asavye Sentare , umucamanza yari arongoye Intahe yashotse amuhebuza, amumenyesha ko hadashobora gutumako umuntu ata na hamwe aboneka muri dossiye, kandi ata rubanza rwiwe rwashikirijwe n’Umushikirizamanza .

170 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment