Scroll to Top

#Indundi Sports I Thierry Nkurunziza niwe muhagarikizi w’umurundi azohagarikira muri CHAN 2016

By arsene Bucuti / Published on Tuesday, 05 Jan 2016 12:20 PM / /

nkurunziza_thierry.auth
Inyuma y’aho hagiriye ahabona ingene imigwi izohura muri CHAN 2016 kuva italiki ya 16 gushika italiki 7 z’ukwa kabiri, urutonde rw’abahagarikizi bazohagarikira izo nkino narwo rwamaze kuja ahabona aho dusangamwo umumenyereza wa hano iwacu umwe akaba ari uwitwa Thierry Nkurunziza batazira Colina.

Uyo muhagarikizi akaba asanzwe ari umuhagarikizi bitumwako muri Afrika uko amaez guhagarikira inkino zikomakomeye ku mugabane w’Afrika.Ngizi inkino yahagarikiye muri uno mwaka:

Italiki ya 7 z’ukwezi kwa cumi na rimwe 2015: Egypte 4_0 Tchad
Italiki ya 17 z’ukwezi kwa cumi 2015 Afrika y’Epfo: 0_2 Angola
Italiki ya 12 z’ukw’indwi 2015 Stade Malien : 0_0 Al Ahly
Italiki ya 14 Z’ukwa gatandatu 2015 : Congo 1 _1 Kenya
Italiki 14 z’ukwagatatu, 2015: Sénégal 4_3 Congo (mu badashikana imyaka 20)

Akaba ariko ariyongera kubandi bahagarikizi mpuzamakungu nka Claude Birumushahu n’abandi nka J. Marie Hicuburundi.

Muhirwe Alain

92 total views, 0 views today

Add Comment